Ishirahamwe Naguka
n’ ishirahamwe ryigenga. RIgamije gukorera abakene bo mu Burundi kugirango baronke amavuriro , ibitaro vyiza n’ amagara meza.
Icivugo:
Icivugo cacu ni ukugira amavuriro akora neza, vyihuta, bizimbutse, vyizewe kandi bifise umutekano kubarwayi bose, cane cane abatishoboye (abana, abagore n'abasaza) hamwe no kubakozi bo kwa muganga.
N’amahigwe kuronka ivyo ukeneye. Imiryango myinshi rero ikeneye infashanyo yacu.
Inshingano:
Inshingano yacu ni ugutanga ibikoresho nkenerwa mumavuriro, ubwiherero bwiza busukuye hamwe n'amazi meza kandi adacikagurika.
Akazi dukora:
Naguka ifasha mugutanga ibikoresho nkenerwa vyubuvuzi, amazi meza nukunagura ibitaro.
Mwiyunge natwe dushigikire abakene bakeneye kuvugwa.
Ibimaze gukogwa:
Tumaze gutanga ibikoresho bikurikira :
Matelas, Igikoresho co kwica imikorobe,
Imashini ipima amaraso,
Udukingirizo two kumunwa, two muntoki na antiseputike igwanya imicafu.
Amagara meza, intambwe yokwiteza imbere ugateza nimbere n’abandi!
Shigikira Naguka:
Amagara meza! Intambwe yokwiteza imbere ugateza imbere n’ abandi.
Turihamwe tugwanya ubukene, ingwara na corona virusi.
Infashanyo:
Infashanyo yawe ifasha gutabara abantu batishoboye kandi badashobora kwivuza mubitaro n'amavuriro yandi yose.
Umuntu atanga kukwezi amafaranga ashoboye.
Akarorero: Amakurona 50 ku kwezi agura icupa 1 rya ml 500 y antiseptike kwamuganga.
Ba umunywanyi:
Infashanyo yawe yoku kwezi ifasha abakene kuronka aho bivuza hafise isuku n’ibikoresho bikenewe.
Umunyanyi atanga amakurona 200 ku kwezi.